Igenekerezo rya 22 Kigarama 2023 mu ntara ya Ngozi ,mugisagara ca Ngozi haruguruwe icese ishami rya 3 ry'ibanki ijejwe gushigikira imigambi y'iterambere ry’urwaruka BIJE.
Akamwemwe niko karangwa mu maso y'abenegihugu bari bitavye ivyo birori,bibonekako bakiranye igishika cane iterambere.
Urwaruka BIJE yahaye ingurane kugira rukore imigambi y'iterambere rwashimiye cane ibanki BIJE ko yababereye umuvyeyi mwiza ikarufata amaboko kugira rushike kure.
Uwurongoye inama nshingwantwaro muri BIJE Jean Petit NDINDIRE yamenyesheje ko mu ntara ya Ngozi urwaruka rutari ruke rumaze kuronswa ingurane na BIJE naho bitari vyoroshe ko rushika i Gitega,hatibagiwe urwaruka rwo mu ntara za Kayanza,Kirundo na Muyinga.
Urwaruka rurenga 17.000 ruramaze kuronswa ingurane na BIJE,imigambi yababa 900 niyo imaze gushigikirwa,urwaruka 20.000 ruramaze kwigishwa ingene banque ikora n'ingene bitunganiriza imigambi.
Vyashikirjwe na Sixte NIYUHIRE umuyobozi mukuru w'ibanki BIJE.
Umushikiranganji ajewe gukurikirana iyinjira ry' uburundi muri Africa y'ubuseruko urwaruka n'imico kama ambassadeur Gervais ABAYEHO niwe yari yateye iteka ivyo birori vyo kwugurura icese ishami ry'ibanki BIJE i NGOZI, akaba yatumiriye urwaruka kwijukira imigambi y'iterambere.
Ibanki BIJE rero ikaba ifise ihangiro ryo kugurura amashami yandi muzindi ntara uko umwaka utashe.
Bose barangije bashimira Reta mvyeyi Reta nkozi irongowe na Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu Général,Major Evariste NDAYISHIMIYE,umugenzi wurwaruka akaba n'imboneza y'urwaruka, amahoro n’umutekano muri Africa kunguvu n'uburyo ibandanya iha iyi banki ku neza y'urwaruka n'iterambere ryarwo.
BIJE, ibanki yanyu, ibanki yacu !
